ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 33
  • Ivyabona vya Yehova boba ari Abaporoti?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova boba ari Abaporoti?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova boba bagize idini ry’abaporotisanti?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Amaruru yo gusaba amahinduka
    Be maso!—2004
  • Ni ibiki abana bakwiye kwiga?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 33
Icabona ca Yehova ariko abwira uwundi muntu ivyo yemera mu vy’idini akoresheje Bibiliya

Ivyabona vya Yehova boba ari abaporoti?

Oya. Twebwe Ivyabona vya Yehova turi abakirisu, ariko ntituri abaporoti. Uti kubera iki?

Idini ry’abaporoti vyasiguwe ko ari “umurwi w’ivy’idini urwanya Ekleziya Gatolika.” Naho twebwe Ivyabona vya Yehova tutemera inyigisho za Ekleziya Gatolika, ntituri abaporoti kubera izi mvo zikurikira:

  1. Inyigisho zitari nke z’abaporoti zirateye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Nk’akarorero, Bibiliya yigisha ko “hari Imana imwe,” ntiyigisha Ubutatu. (1 Timoteyo 2:5; Yohani 14:28) N’ikindi kandi, irigisha mu buryo butomoye ko Imana itazohanisha abanyakibi umuriro udahera, ahubwo ko izobatikiza ubutakigaruka.​—Zaburi 37:9; 2 Abatesalonika 1:9.

  2. Ntiturwanya idini rya Gatolika canke ngo tugerageze kugira ivyo turyohoye muri ryo, eka kandi ntitubigira no ku rindi dini iryo ari ryo ryose. Ahubwo nyabuna, turamamaza gusa inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, tukihatira gufasha abandi kwizera iyo nkuru nziza. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ikituraje ishinga si ukugerageza kugira ivyo duhinduye mu yandi madini, ahubwo ni kwigisha abantu b’imitima nziraburyarya ukuri kwerekeye Imana be n’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Abakolosayi 1:​9, 10; 2 Timoteyo 2:​24, 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika