ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 43
  • Ivyabona vya Yehova boba bashinga amategeko agenga ivy’ugukundana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova boba bashinga amategeko agenga ivy’ugukundana?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Noba ngeze kurondera uwo dukundana?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kureshanya: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?
    Urwaruka ruribaza
  • Gukundana mu mpisho hari ikibi kirimwo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Gukundana: Igice ca 2: Ni ibiki nokwitega mu kiringo co kumenyana?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 43
Abantu babiri bakundanye, bariko barasangirira hamwe udufungurwa muri resitora

Ivyabona vya Yehova boba bashinga amategeko agenga ivy’ugukundana?

Ivyabona vya Yehova twemera ko ingingo ngenderwako be n’amategeko ari muri Bibiliya bishobora kudufasha gufata ingingo zihimbara Imana kandi zitugirira akamaro. (Yesaya 48:17, 18) Si twebwe twashinze izo ngingo ngenderwako canke ayo mategeko, ariko tubaho tuzisunga. Raba ukuntu zimwe muri izo ngingo ngenderwako canke ayo mategeko bijanye n’ikibazo cerekeye ugukundana.a

  • Umugabo n’umugore babirana kugira ngo babane ibihe vyose. (Matayo 19:6) Kubera ko Ivyabona vya Yehova babona ko ugukundana ari intambwe ijana ku kwabirana, babona ko ari ikintu gikwiye gufatanwa uburemere.

  • Abantu bageze kwubaka urwabo ni bo bonyene bakwiye kuja mu vy’ugukundana. Abo rero baba “[bamaze] kurengana ishurika ry’ubuto,” canke bamaze kurengana ikiringo aho inambu y’umubiri iba ikomeye cane.​—1 Abakorinto 7:36.

  • Umuntu akwiye kuja mu vyo gukundana n’uwundi igihe atakimubuza kwubaka. Bamwebamwe mu bahukana biciye mu mategeko usanga Imana ibabona ko batarekuriwe gusubira kwubaka, kubera ko ubuhumbu ari yo mvo yemewe itangwa n’ingingo ngenderwako yiwe.​—Matayo 19:9.

  • Abakirisu bipfuza kwubaka urwabo bahimirizwa kwubakana gusa n’uwo basangiye ukwemera. (1 Abakorinto 7:39) Ivyabona vya Yehova babona ko iryo tegeko ritavuga umuntu y’ubaha ivyo twemera ariko ko rivuga umuntu dusangiye ukwemera kandi abaho yisunga ivyo twemera vyongeye akaba ari Icabona yabatijwe. (2 Abakorinto 6:14) Imana yamye itegeka abasavyi bayo kwubakana gusa n’abo basangiye ukwizera. (Itanguriro 24:3; Malaki 2:11) Iryo tegeko ni ngirakamaro, nk’uko n’abashakashatsi bo muri kino gihe babisanze.b

  • Abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo. (Imigani 1:8; Abakolosayi 3:20) Ku bana bakiba i muhira, iryo tegeko ririmwo no gukurikiza ingingo zifatwa n’abavyeyi ku bijanye n’ugukundana. Ivyo birimwo n’ibijanye n’imyaka umuhungu canke umukobwa yokwemererwa gutangura gukundana hamwe n’ivyo yokwemererwa gukora.

  • Mu buryo buhuye n’ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe, buri Cabona wese ni we yihitiramwo niba yotangura kuja mu vyo gukundana be n’uwo bokundana. Ivyo birahuye n’iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.” (Abagalatiya 6:5) Ariko, igihe hageze ko umukirisu arondera uwo bokundana, abenshi bararonderera impanuro ku bakirisu bahumuye kandi babipfuriza ineza.​—Imigani 1:5.

  • Hari ibintu vyinshi bikunze kugirwa n’abakundana usanga ari ibicumuro bikomeye. Nk’akarorero, Bibiliya iduhimiriza kwirinda ivyo vyose bijanye n’ubuhumbu. Ivyo ntibigarukira gusa ku guhuza ibitsina, ariko kandi harimwo n’ibintu vyose bihumanye bikorwa hagati y’abantu batubakanye, nk’ugukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu canke guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka kibure gucisha ibihimba vy’irondoka mu kibuno. (1 Abakorinto 6:​9-​11) Mbere n’inyifato ivyura inambu y’umubiri igirwa n’ababa bimirije kurushinga ihakwa kubashikana ku busambanyi ni “ubuhumane”, kandi ntibuhimbara Imana. (Abagalatiya 5:​19-​21) Ibiyago vy’ubuhumbu birimwo “amajambo ateye isoni” biriyamirizwa na Bibiliya.​—Abakolosayi 3:8.

  • Umutima, canke ico turi imbere, ni umuhemu. (Yeremiya 17:9) Urashobora gutuma umuntu akora ibintu azi neza ko ari bibi. Kugira ababa bakundanye ntibahendwe n’imitima yabo, bakwiye kwirinda kuja ahantu hotuma boshwa nabi igihe ari bonyene. Boshobora kwiyubara muri ivyo mu kuguma bari kumwe n’abantu bigenza neza canke bari kumwe n’umuntu abaherekeza abereye. (Imigani 28:26) Abakirisu batarubaka izabo bariko barondera uwo bokwubakana barazi akaga kari mu kuronderera kuri internet abo bokundana, na canecane gucudika n’umuntu utaba uzi neza ivyiwe.​—Zaburi 26:4.

a Kubanza kugiranira imigenderanire y’ivy’urukundo n’umuntu imbere y’uko mureshanya biragirwa mu mico imwimwe, mu yindi na ho ntibigirwa. Bibiliya ntivuga ko dukeneye kubanza gukundana imbere yo kwubakana.

b Nk’akarorero, ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Marriage & Family Review) kivuga ko ivyigwa bitatu vyagizwe mu buryo bwitondewe ku bijanye n’imibano iramba, vyerekanye ko ikintu nyamukuru gituma imibano y’ababiranye iramba (ikamara imyaka iva kuri 25 gushika ku yirenga 50) ari uko abubakanye baba basangiye idini.​—Igitabu ca 38, integuro ya 1, urupapuro rwa 88 (2005).

Gukundana n’umuntu ni iki?

Gukundana birimwo ikintu cose abantu babiri bakora barondera kwiyumvanamwo mu vy’urukundo. Ivyo bashobora kubigira bari mu bandi canke bari ukwabonyene, ku mugaragaro canke mu mpisho, canke bari kumwe amaso mu yandi, biciye kuri telefone, kibure biciye kuri mesaje. Ivyabona vya Yehova ivyo gukundana ntibabifata ko ari uburyo bwo kwinezereza gusa, ariko babifata ko ari uburyo bushikana ku kureshanya, iyo ikaba ari intambwe ikomeye ishika ku kwabirana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika