ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 49
  • Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyiza
  • Ibibi
  • Nokwirinda gute gukunda umuziki birenze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Umuziki Uhimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 49
Umwigeme ariko arumviriza umuziki kuri telefone

URWARUKA RURIBAZA

Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?

“Iyo mvyutse, ndavuza akaziki. Ndi mu muduga, ndavuza akaziki. Iyo ndi muhira nduhutse, ndiko ngira isuku canke ndiko ndasoma, akaziki kagumamwo. Emwe, umuziki turamana!”​—Carla.

Woba ukunda umuziki nk’ukwo kwa Carla? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kiragufasha kubona akabi n’akeza k’umuziki kugira ngo uhitemwo neza uwo wokwumviriza.

  • Ivyiza

  • Ibibi

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ivyiza

Kwumviriza umuziki twobigereranya no gufungura. Muri ivyo vyompi, kugira ngo umuntu bimugendere neza abwirizwa guhitamwo neza no kwigerera. Rimbura ibi:

  • Umuziki urashobora kuruhurira umutwe.

    “Iyo numva meze nabi, nca nshiramwo umuziki nkunda ngaca numva nduhutse.”​—Mark.

  • Umuziki urashobora kukwibutsa aka kera.

    “Akenshi, hari umuziki numva ukanyibutsa ibintu vyiza, ivyo bituma igihe cose ndawumvise nca ndyoherwa.”​—Sheila.

  • Umuziki urashobora gutuma haba ukwunga ubumwe.

    “Igihe naja ku gikorane mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova, abari bahari bose bararirimvye ururirimbo rusozera, nca ndakorora amosozi. Naho twese tutari duhuje ururimi, uwo muziki waratumye twunga ubumwe.”​—Tammy.

  • Umuziki urashobora kugufasha kuba umuntu ameze neza.

    “Kwiga kuvuza igicurarangisho biragufasha kuba umuntu yigumya kandi yihangana. Si ibintu wiga mu kanya isase. Kugira ngo ubimenye neza bigusaba kwimenyereza.”​—Anna.

Wari ubizi? Igitabu kinini kurata ibindi muri Bibiliya citwa Zaburi, kikaba kigizwe n’indirimbo 150.

Umusore ariko araba amapome aboze

Hitamwo umuziki wumviriza nka kurya uhitamwo ivyo ufungura

Ibibi

Imiziki imwimwe irashobora guteza ingorane, nka kurya nyene kw’ibifungurwa bimeze nabi. Raba igituma.

  • Imiziki myinshi irimwo amajambo y’ibishegu.

    “Imiziki nka yose iharawe usanga yuzuyemwo ibishegu. Mbere ubu bivugwa amenya.”​—Hannah.

    Bibiliya ivuga iti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.” (Abanyefeso 5:3) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma ntagendera iyo mpanuro?’

  • Hari imiziki ishobora gutuma ubabara.

    “Hari igihe ndara maso ndiko ndumviriza imiziki ituma niyumvira ibintu bintera agahinda. Imiziki yo gucura intimba ituma ngira ivyiyumviro bibi.”​—Tammy.

    Bibiliya ivuga iti: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa.” (Imigani 4:​23) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma nca ngira ivyiyumviro bibi?’

  • Hari imiziki ivyura ishavu.

    “Imiziki irimwo ishavu, ukwiyanka be n’urwanko, mbona ko irimwo akaga kihishije. Iyo numvirije mwene iyo miziki narabonye ko ivyiyumviro bica bihinduka. N’abo muhira baramaze kubibona.”​—John.

    Bibiliya ivuga iti: “Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.” (Abakolosayi 3:8) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma nca nkara, kumbure siniteho n’ukuntu abandi biyumva?’

Muri make: Ukwiye guhitamwo neza. Ico nyene ni co umuyabaga yitwa Julie agerageza gukora. Avuga ati: “Nguma nsuzuma imiziki mfise, nkaza ndafuta iyitabereye. Naho bitama vyoroshe, ndazi ko ari vyo bibereye.”

Umwigeme umwe yitwa Tara na we nyene ariko arabigerageza. Avuga ati: “Hari igihe kw’iradiyo bavuza umuziki ufise umudundo usara, ariko numvirije amajambo yawo ngaca mbona ko nkwiye guhindura uwo murongo. Kubigira ni nko guheba umukate uryoshe umaze kuwusemura rimwe gusa! Nimba nshoboye kwamirira kure umuziki uvuga ivy’ibitsina, bizokworoha ko namirira kure ivyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka urwanje. Sinshaka gufatira mu rwara akosho umuziki ushobora kugira kuri jewe.”

IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA

Abigail

“Umuziki urashobora guhindura cane ivyiyumviro vyacu, kandi tutabaye maso, umuziki duhitamwo urashobora kutugirako ingaruka mbi, tukaza kubibona ari uko tumaze kurugwamwo.”​—Abigail.

Robert

“Mbere n’umuziki wumvirije gake urashobora kuguma mu bwenge ubutakivayo. Rero wumvise umuziki usa n’uwutameze neza, vyoba vyiza uciye uwuzibukira. Atari aho, uzomata mu bwenge bwawe.”​—Robert.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika