ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 119
  • Jambo w’Imana ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Jambo w’Imana ni nde?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 119
Yezu ariko arigisha afise umuzingo

Jambo w’Imana ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

Imvugo ngo “ijambo ry’Imana” akenshi ryerekeza k’ubutumwa buva ku Mana. (Luka 11:28) Ahantu hake gusa rikoreshwa nk’izina ry’umuntu ngo “Jambo w’Imana” canke “Jambo”.—Ivyahishuwe 19:13; Yohani 1:14.

Ubutumwa buva ku Mana. Abahanuzi baravuga ko ubutumwa batangaza ryari ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, umumenyeshakazoza Yeremiya ubuhanuzi bwiwe yabutanguje amajambo agira ngo “ijambo rya Yehova rinzako.” (Yeremiya 1:4, 11, 13; 2:1) Imbere yuko umumenyeshakazoza Samweli abwira Sauli ko Imana yamutoye ngo abe umwami, yavuze ati: “Hagarara rero kugira ngo ndakwumvishe ijambo ry’Imana.”—1 Samweli 9:27.

Izina ry’umuntu. Bibiliya ivuga kandi ko “Jambo” ari izina rya Yezu Kristu haba igihe yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru canke igihe yari kw’isi. Raba ibintu bitwemeza ko ari ukwo biri:

  • Imbere yuko haremwa ikintu na kimwe Jambo yariho. “Mu ntango Jambo yariho . . . Uyo mu ntango yari kumwe n’Imana.” (Yohani 1:1, 2) Yezu ni “imfura mu biremwa vyose . . . Ni uw’imbere y’ibindi bintu vyose.”—Abakolosayi 1:13-15, 17.

  • Jambo yaje kw’isi ari umuntu. ‘Jambo yacitse umubiri, aba hagati muri twebwe.’ (Yohani 1:14) Yezu Kristu “yarahevye vyose amera nk’umushumba, acika uwusa n’abantu.”—Abafilipi 2:5-7.

  • Jambo ni Umwana w’Imana. Intumwa Yohani amaze kuvuga ko “Jambo yacitse umubiri,” abandanya ati: “Twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa nk’ubw’umwana w’ikinege ava kuri se.” (Yohani 1:14) Yohani yanditse kandi ati: “Yezu Kristu [ni] Umwana w’Imana.”—1 Yohani 4:15.

  • Jambo afise kamere nk’iz’Imana. “Jambo yari imana.” (Yohani 1:1) Yezu ni “we gukayangana kw’ubuninahazwa bw’[Imana] n’ishusho nyayo y’akamere nyene k’[Imana].”—Abaheburayo 1:2, 3.

  • Jambo aganza ari umwami. Bibiliya ivuga ko ku mutwe wa Jambo w’Imana hari “imigāra myinshi.” (Ivyahishuwe 19:12, 13) Jambo yitwa kandi “Umwami w’abami n’Umukama w’abakama.” (Ivyahishuwe 19:16) Yezu na we yitwa “Umwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara.”—1 Timoteyo 6:14, 15.

  • Jambo ni Umuvugizi w’Imana. Biboneka ko izina “Jambo” ryerekeza k’umuntu Imana ikoresha mu gutanga amakuru no mu kwigisha. Yezu yavuze ko ariko ashitsa ano majambo agira ati: “Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga. . . . ibintu mvuga rero, nk’uko Data yabimbwiye, ni ko ndabivuga.”—Yohani 12:49, 50.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika