ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 66
  • Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Guhebana n’uwo mwakundana birababaza
  • Ico wokora
  • Igihe ubucuti buhagaze
    Be maso!—2015
  • Nokwihangana gute uwo twakundana ampevye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Twoba tuberanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Sinokwiyahura bigahera biheze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 66
Umusore ababaye cane afise mu ntoke agasheneti kariko umutima

URWARUKA RURIBAZA

Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?

Uwitwa Steven avuga ati: “Igihe twahebana n’umukobwa twakundana, narababaye cane. Sinari bwigere ngira umubabaro nk’uwo mu buzima.”

Woba umaze gushikirwa n’ikintu nk’ico? Nimba kimaze kugushikira, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

  • Guhebana n’uwo mwakundana birababaza

  • Ico wokora

Guhebana n’uwo mwakundana birababaza

Guhebana n’uwo mwakundana birabababaza mwempi.

  • Nimba ari wewe wahevye uwo mwakundana, ushobora kuba wiyumva nk’uku kwa Jasmine, uwavuze ati: “Kwibuka ko nababaje umuntu nahora nkunda vyambera nk’umuzigo mu mutima ku buryo ntipfuza gusubira gushikirwa n’ikintu nk’ico.”

  • Nimba atari wewe wamuhevye, ushobora kuba utahura igituma bamwe babona ko bimeze nko kubura umuntu. Uwitwa Janet avuga ati: “Naragize agahinda mu buryo butandukanye: mu ntango sinavyumva, naragize ishavu n’akabonge. Ariko amaherezo, haheze hafi umwaka, narahavuye ndamenyera.”

Iciyumviro nyamukuru: Guhebana n’uwo mwakundana birashobora gutuma wumva uvunitse umutima kandi ukihebura. Umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ati: “Umutima ukubititse wumisha amagufa.”—Imigani 17:22.

Ico wokora

  • Umuntu ariko aravuga

    Nubiyagire umuntu ahumuye wizigiye. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Kubwira ukuntu wiyumva umuvyeyi wawe canke umugenzi ahumuye birashobora kugufasha kubona ibintu mu buryo bwiza.

    “Naramaze amezi nigungira ukwa jenyene kandi nta n’umwe nabwira uko niyumva. Ariko abagenzi barashobora kugufasha gusubirana. Narumvise nduhuriwe igihe nabugurukira nkababwira uko niyumva.”​—Janet.

  • Ubwonko bw’umuntu

    Nugire ico wigiye ku vyabaye. Hari uwundi mugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.” (Imigani 4:5) Ibintu bibaje bidushikira biratwigisha vyinshi ku bitwerekeye be no ku kuntu tuvyifatamwo habaye ibintu bivuna umutima.

    “Igihe nahebana n’umukobwa twakundana, hari umugenzi yambajije ati: ‘Ni ibiki wigiye kuri ubwo bucuti kandi uzobikoresha gute niwasubira gukundana n’uwundi muntu?’”​—Steven.

  • Umuntu ariko arasenga

    Nusenge. Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Isengesho rirashobora kugufasha kwihanganira uwo mubabaro kandi rigatuma ubona ukwo guhebana mu buryo bubereye.

    “Nusenge ubudahengeshanya. Yehova arazi umubabaro ufise kandi aratahura ingorane urimwo kuruta uko wewe ubitahura.”​—Marcia.

  • Ibiganza bibiri

    Nufashe abandi. Bibiliya igira iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” (Abafilipi 2:4) Niwarushiriza gufasha abandi, bizotuma udateba kubona ukwo guhebana mu buryo bubereye.

    “Iyo muhebanye n’uwo mwakundana, umengo isi ikuguyeko kandi birababaza kuruta igisebe co ku mubiri. Ariko amaherezo umuntu arasubirana. Vyansavye gusa kubiha umwanya kugira nsubirane.”​—Evelyn.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika