ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 79
  • Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • uzuma igituma ushaka kwimuka
  • Harura ico bizogusaba
  • Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira
    Be maso!—2015
  • Kureshanya: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?
    Urwaruka ruribaza
  • Ni gute nokoresha neza amahera yanje?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 79
Umusore ariko aratekera ibintu kugira yimuke

URWARUKA RURIBAZA

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

Kwiyumvira ivyo kwimuka birashobora kuba ibihimbaye ariko kandi bigatera ubwoba. None womenya gute ko ugeze kwimuka?

  • Suzuma igituma ushaka kwimuka

  • Harura ico bizogusaba

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

uzuma igituma ushaka kwimuka

Hari imvo nyinshi zoshobora gutuma ufata ingingo yo kuva muhira kandi zimwe muri zo ushobora gusanga atari nziza. Nk’akarorero, umusore yitwa Mario yiyemerera ati: “Nipfuza kwimuka kugira mpunge ibikorwa vyo muhira.”

Ukuri ni uku: Wimutse urashobora gusanga umwidegemvyo wahorana ugabanutse. Onya w’imyaka 18 avuga ati: “Wimutse ukava muhira, uzobwirizwa kuza uritwararika inzu ubamwo, kurondera ivyo ufungura, no kuriha amafagitire. Nta bavyeyi muzoba muri kumwe ngo bagufashe.”

Iciyumviro nyamukuru: Kugira umenye yuko hageze ko uva muhira, urakeneye gutahura igituma ushaka kuhava.

Harura ico bizogusaba

Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?” (Luka 14:28) Woshobora gute ‘guharura’ ico kuva muhira bigusaba? Niwisuzume muri iyi mice:

WOBA USHOBORA GUKORESHA NEZA AMAHERA?

Bibiliya ivuga iti: “Amahera a[ra]kingira umuntu.”​—Umusiguzi 7:12.

  • Vyoba bikugora kuziganya amahera?

  • Woba usesagura?

  • Woba wama usanga uriko urasaba abandi ngo bakugurane?

Nimba hari na kimwe muri ivyo bibazo wishuye ngo ego, uzosanga kwimuka biguteye ingorane aho kuguhimbara.

“Musazanje yavuye muhira afise imyaka 19. Inyuma y’umwaka umwe amahera yose yari yaraziganije yari yaheze, banki irafata umuduga wiwe kubera atari yashoboye kuyiriha amahera yari ayifitiye, kandi nta shirahamwe na rimwe ryari kumugurana kuko babona ko atari umwizigirwa. Yaciye asaba ko yogaruka muhira.”​—Danielle.

Ico wokora ubu ukiba muhira: Nubaze abavyeyi amahera bakoresha ku kwezi uko angana. Baronka amafagitire angana gute kandi bashobora gute gukoresha amahera baronka kugira bayarihe? Baziganya gute?

Iciyumviro nyamukuru: Kwiga gukoresha neza amahera ubu ukiri muhira, bizogufasha guhangana n’ibibazo vy’amahera igihe uzoba wibana.

WOBA UHORA WIBWIRIZA?

Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—Abagalatiya 6:5.

  • Woba uri nzobandabikora?

  • Abavyeyi bawe boba barinda kukwibutsa gukora ibikorwa ujejwe?

  • Woba wama warengeje amasaha yo gutaha abavyeyi bagushingiye?

Nimba hari na kimwe muri ivyo bibazo wishuye ngo ego, ushobora kuzosanga birushirije kukugora kwitaho ibintu igihe uzoba wibana.

“Iyo wibana, usanga hariho ibintu utiyumvamwo ariko ukabwirizwa kubikora. Nta n’umwe arinda kukwibutsa ngo ubikore. Ukwiye rero kuba umuntu yibwiriza kandi yumira ku rutonde.”​—Jessica.

Ico wokora ubu ukiba muhira: Mu kiringo c’ukwezi kwose, nugerageze gukora udukorwa twinshi two muhira. Nk’akarorero, nusukure inzu, umesure impuzu zawe, uje gusuma, uze urateka buri mugoroba hanyuma uce woza ivyombo. Ivyo bizogufasha kubona ingene bizoba bimeze igihe uzoba wibana.

Iciyumviro nyamukuru: Kugira ushobore kwibana bisaba ko uba uri umuntu yibwiriza.

Umusore asimvye ava mu ndege afashe isakoshi irimwo umwumvuri

Kwimuka utabanje kwitegura bimeze nko gusimba ukava mu ndege utabanje kwiga kwugurura umwumvuri w’abapara

WOBA USHOBORA GUCUNGERA ISHAVU?

Bibiliya ivuga iti: “Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana.”​—Abakolosayi 3:8.

  • Vyoba bikugora kwumvikana n’abandi?

  • Vyoba bikugora gucungera ishavu?

  • Woba wama ushaka ko ibintu bikorwa nk’uko wipfuza?

Nimba hari na kimwe muri ivyo bibazo wishuye ngo ego, ushobora kuzosanga bikugoye kubana n’abandi, kumbure bizokugore no kubana n’uwo mwubakanye.

“Kubana n’abandi vyarashize ahabona kamere noryohora. Vyaranyeretse yuko ntakwiye kwitega ko abandi bihanganira ishavu ngira igihe mfise amaganya. Nabwirijwe kwiga uburyo bwiza bwo kwihanganira amaganya.”​—Helena.

Ico wokora ubu ukiba muhira: Niwimenyereze kwumvikana n’abavyeyi bawe be n’abo muvukana. Nakare ingene ufata ubugoyagoye bw’abo mubana ubu, birerekana ingene uzofata ubugoyagoye bw’abo muzobana muri kazoza.

Iciyumviro nyamukuru: Kwimuka ntibikwiye kuba uburyo bwo guhunga ibikorwa vyo muhira ahubwo nyabuna ni ibanga ribangirwa ingata. Nuganire n’abimutse kandi bakaroranirwa. Nubabaze ico boshima gukosora mu vyabashikiye canke ikintu bari gushima kumenya ico gihe. Ivyo urakwiye kubigira igihe cose ushaka gufata ngingo ihambaye.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Dapo

“Abakiri bato benshi barirengagiza ukuntu kwirihira ivyo ukenera vyose usanga bitoroshe. Ni urugamba kuronka inzu izimbutse. Ivyo benshi ntibavyiyumvira, ahubwo bihutira kwimuka . . . ariko amaherezo bakaruhira kugaruka muhira.”​—Dapo.

Ashley

“Kuba muhira birafasha uwukiri muto kuza aramenyera udukorwa. Bamwe bahera ku kwongereza udukorwa bakora, kuriha amafagitire amwamwe canke guteka ivyo abagize umuryango bafungura. Ivyo bizotuma ushobora kwibako mu nyuma.”​—Ashley.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika