7 Ariko abahungu ba Yakobo bumvise ivyari vyabaye, ubwo nyene baca bava mu gahinga barataha. Bari bababaye kandi bashavuye cane, kuko Shekemu yari yakoreye Isirayeli ibintu vy’akamaramaza mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kikaba cari ikintu kidakorwa+.