5 Umukaba wo kugumya iyo efodi, wari ufatanye na yo kandi wari ujishwe+ mu bintu nyene iyo efodi ikozwemwo. Wari ukozwe mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.