15 «Umuntu niyahemuka agacumura ku bintu vyeranda vya Yehova+ atabishaka, azozanira Yehova ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’impfizi y’intama itagira akanenge akuye mu busho bwiwe+. Igiciro cayo muri shekeli z’ifeza kizoshingwa hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+.