6 Niyaheza imisi yo kwihumanura ku bw’umuhungu canke umukobwa, azoca azana isuguru y’intama y’ishikanwa riturirwa+ imaze umwaka canke udashika hamwe n’inuma ikiri nto canke intunguru y’ishikanwa ry’igicumuro. Azobizanira umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.