30 umuherezi azohasuzuma+. Niyasanga iyo ndwara ishika munsi y’urukoba, umushatsi waho ukaba ubenje kandi ukaba ari imparurwa, azoca atangaza ko ahumanye. Izoba ari indwara y’urukoba rwo ku mutwe canke y’ahamera ubwanwa. Izoba ari imibembe yo ku mutwe canke yo ku rusakanwa.