4 Akwiye kuba yambaye ya kanzu nyeranda y’ilino+ na rya butura ry’ilino+ kugira apfuke ubwambure bwiwe. Akwiye kandi kuba akenyeye wa mukanda ukozwe mu nyuzi z’ilino+, yambaye na ca gitambara c’ilino bazingira mu mutwe+. Izo ni impuzu nyeranda+. Azokwiyoga+ aheze azambare.