13 Iyo ntama muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete ringana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro ry’akamoto keza. Muzoyitangana n’ishikanwa ry’ikinyobwa rigizwe n’umuvinyu ungana n’ica kane c’ingero ya hini.