24 Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bafata Akani+ mwene Zera, na za feza, ya mpuzu nziza y’agaciro na ya nzahabu+, abahungu biwe n’abakobwa biwe, inka ziwe, indogobwa ziwe n’ibindi bitungwa vyiwe, ihema ryiwe n’ibintu vyiwe vyose, babijana mu kiyaya ca Akori+.