29 Amanika umwami wa Ayi ku giti gushika ku mugoroba, ariko izuba rigira rirenge, Yosuwa ategeka ko umuvyimba wiwe bawukura ku giti+. Baca bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara maze bawurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi.