7 Ariko Abalewi nta mugabane bazoronka muri mwebwe+, kuko igikorwa c’ubuherezi bakorera Yehova ari yo ntoranwa yabo+. Umuryango wa Gadi na wo, uwa Rubeni n’igice c’umuryango wa Manase+ baramaze kuronka intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Musa umusavyi wa Yehova ni we yayibahaye.»