21 Maze uwo mumarayika wa Yehova afata inkoni yari afise, akoza isonga ryayo kuri za nyama na ya mikate itarimwo umwambiro. Umuriro uca uva muri nya gitandara, urabiturira biratokombera+. Uwo mumarayika wa Yehova aca arakamangana, Gideyoni ntiyasubira kumubona.