25 Bafata abaganwa babiri b’Abamidiyani, ari bo Orebu na Zebu. Orebu bamwicira ku gitandara ca Orebu+, Zebu na we ku ruganiro rw’umuvinyu rwa Zebu. Babandanya kwoma inyuma Abamidiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zebu mu karere ka Yorodani.