16 Uwo mugore aca aja kuririra Samusoni, amubwira ati: «Bwa bundi uranyanka, ntunkunda+. Wapfinze agapfindo ab’iwacu, ariko ntiwambwira ico gasobanura.» Na we amwishura ati: «Erega na dawe na mawe sinababwiye ico gasobanura. None abe ari wewe ndabibwira?»