7 Abo bagabo batanu rero barabandanya bashika i Layishi+. Basanga abantu baho babayeho nk’Abanyasidoni, batazera inze. Bari batekanye, ata co bicura+ kandi nta wutwaza umukazo yatera ico gihugu ngo abahungabanye. Baba kure y’Abanyasidoni kandi nta migenderanire bagirana n’abandi bantu.