34 Nuko Sawuli avuga ati: «Nimukwiragire mu basoda mubabwire muti: “Umwe wese nazane ng’aha impfizi yiwe canke intama yiwe, abikerere aheze abifungure. Ntimucumure kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.”» Muri iryo joro rero, umwe wese azana impfizi yiwe ng’aho, arayikerera.