36 Mu nyuma Sawuli avuga ati: «Tumanuke dutere Abafilisitiya muri iri joro, maze tubasahure gushika bukeye. Nta n’umwe muri bo dusigaza.» Abasoda bamwishura bati: «Kora ico ubona ko kibereye.» Ariko umuherezi avuga ati: «Reka tubarize Imana y’ukuri ng’aha+.»