45 Mugabo abasoda babwira Sawuli bati: «Yonatani yopfa gute kandi ari we yatumye Isirayeli ironka intsinzi ikomeye+? Ntibishoboka! Turahiye Yehova Imana nzima yuko ata wumurya urwara, kuko yakoranye n’Imana uyu musi+.» Gutyo abantu bakiza Yonatani, ntiyapfa.