9 Uwo muherezi amwishura ati: «Hari inkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+, umwe wicira mu kiyaya ca Ela+. Izingiye mu gitambara inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwara yitware, kuko ari yo yonyene ihari.» Dawidi na we ati: «Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.»