3 Ariko abakuru b’Abafilisitiya bavuga bati: «Aba Baheburayo bazanywe n’iki?» Akishi aca abishura ati: «Uyu ni Dawidi umusuku wa Sawuli umwami wa Isirayeli. Tumaranye umwaka urenga+. Nta kosa nigeze ndamubonako kuva umusi yomoka akaza iwanje gushika n’ubu.»