6 Nuko Akishi+ ahamagara Dawidi amubwira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima yuko uri umuntu w’intungane. Vyari bimpimbaye kubona ujanye n’ingabo zanje ku rugamba+ kuko ata kosa nigeze ndakubonako, kuva umusi waza iwanje gushika n’ubu+. Mugabo abandi batware ntibakwizigira+.