6 Mu nyuma Abamoni babona yuko basigaye banukira Dawidi. Baca barungika intumwa ngo zihe amahera abaza kubafasha kurwana: haza abasoda b’Abasiriya 20.000 bavuye i Beti-Rehobu+ n’i Zoba+, n’abagabo 1.000 b’umwami w’i Mayaka+, n’abagabo 12.000 b’i Ishitobu+.