2 Abusalomu yaravyuka kare, agahagarara iruhande y’inzira ija kw’irembo ry’igisagara+. Igihe umuntu yaba aje kuraba umwami ngo amutunganirize mu rubanza rwiwe+, Abusalomu yaca amuhamagara, akamubaza ati: «Uva mu gisagara ikihe?» Na we agaca amubwira umuryango wo muri Isirayeli avamwo.