14 Maze Abusalomu n’abagabo bose bo muri Isirayeli bavuga bati: «Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta iya Ahitofeli.» Ivyo vyabaye kubera ko Yehova yari yafashe ingingo yo kuvuruga impanuro itomoye ya Ahitofeli+. Yehova yashaka kuzana ivyago kuri Abusalomu+.