12 Dawidi aca aja gusaba abakuru b’i Yabeshi-Gileyadi+ amagufa ya Sawuli n’ay’umuhungu wiwe Yonatani. Abo bakuru ni bo bagiye gutora mu mpisho ibiziga vyabo igihe Abafilisitiya babica. Bari babiciye i Gilibowa maze babamanika mu kibanza rusangi c’i Beti-Shani+.