2 Yubaka inyubakwa yitwa inzu y’ikibira c’i Libani+. Yari ifise uburebure bw’intambwe 100, ubwaguke bw’intambwe 50 n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 30. Yari ihagaze ku nkingi z’ibiti vy’amasederi zitonze mu mirongo ine, izo nkingi zikaba zari zitambitseko imyamba yo mu biti vy’amasederi+.