16 Maze abo basoda bumva yuko Zimuri yari yateguye umugambi wo kugirira nabi umwami kandi ko yari yamwishe. Uwo musi nyene abasoda bose b’Abisirayeli baca bimika umukuru w’ingabo yitwa Omuri+ ngo abe ari we aganza Isirayeli. Bamwimikiye aho nyene bari bakambitse.