12 Umwami aca avyuka muri iryo joro, abwira abantu biwe ati: «Reka ndababwire ivyo Abasiriya bagomba kudukorera: barazi ko dushonje+. Baciye rero bava mw’ikambi baja kwinyegeza mu gahinga bibwira bati: “Abisirayeli baca bava mu gisagara, duce tubafata ari bazima, maze twinjire mu gisagara cabo+.”»