27 Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda abonye ibibaye, aca ahungana inzira ica iruhande y’inzu iri mu murima. (Mu nyuma Yehu aramukurikira avuga ati: «Na we nyene nimumwice!» Nuko bamurasira mu mukogote wiwe ariko araduga i Guri, hafi y’igisagara ca Ibuleyamu+. Mugabo aguma ahunga gushika i Megido, apfirayo.