5 Nuko uwari ahagarikiye ivyo ku kirimba, n’umukuru w’igisagara, n’abashingantahe na ba barezi, barungikira Yehu ubutumwa bugira buti: «Turi abasuku bawe kandi twiteguriye gukora ico udusaba cose. Nta n’umwe tugira umwami. Kora ico ubona ko kibereye.»