4 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atumako abakuru b’abasoda 100 ngo baze ku nzu ya Yehova. Abo bakuru bari abo mu ngabo zirinda umwami no mu ngabo zirinda ikirimba+. Bashitse ku nzu ya Yehova, agirana na bo isezerano yongera arabarahiza, hanyuma abereka umuhungu w’umwami+.