19 Maze akoranya abakuru batwara abasoda 100+, ingabo zirinda umwami, ingabo zirinda ikirimba+ n’abanyagihugu bose, ngo baherekeze umwami bamukuye ku nzu ya Yehova. Bamushikana ku kirimba baciye mw’irembo ry’ingabo zirinda ikirimba. Araheza yicara ku ntebe abami bicarako+.