23 Yarishe n’umugabo w’Umunyamisiri afise igihagararo c’akataraboneka, yareha n’intambwe zitanu+. Naho nya Munyamisiri yari afise icumu ryangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+, Benaya yagiye kurwana na we yitwaje inkoni, aca amwaka nya cumu riba ari ryo amwicisha+.