26 Uwo Shelomoti na benewabo bari bajejwe ububiko bwose bw’ibintu vyeguriwe Imana+. Umwami Dawidi+, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango+, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100 hamwe n’abakuru b’ingabo ni bo bavyeguriye Imana.