-
1 Ngoma 28:1Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
28 Maze Dawidi akoraniriza i Yeruzalemu abatware bose bo muri Isirayeli. Bari aba: abatware b’imiryango, abakuru b’imigwi+ y’abakorera umwami, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, abakuru bajejwe amatungo yose n’ibitungwa vy’umwami+ n’abahungu biwe+, hamwe n’abakozi bo ku kirimba n’abagabo bose b’intwari kandi bashoboye ibikorwa+.
-