7 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo+ yotubariza Yehova. Mugabo ndamwanka kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, yama amvugako ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»