14 Ba bakuru batwara abasoda 100 bari bahawe kuraba ingabo zari ng’aho. Nuko umuherezi Yehoyada arabahamagara, ababwira ati: «Nimumusohore mumukure aho ingabo zitonze. Uwumushigikira wese muce mumwicisha inkota!» Ivyo yabivuze kubera yari yababwiye ngo ntibamwicire mu nzu ya Yehova.