11 Igihe cose Abalewi baba binjije iyo sandugu ngo bayishikirize umwami, bagasanga amahera arimwo yagwiriye, umunyamabanga w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baca baza bakayicuranura+ maze bakayisubiza aho yari iri. Ukwo ni ko babigenza ku musi ku musi, kandi baregeranije amahera menshi.