15 Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara vyatunganijwe n’abahinga. Babishize ku minara+ no mu mfuruka z’uruzitiro, bikaba vyarasa imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko aba rurangiranwa mu mihingo yose kuko yafashijwe mu buryo budasanzwe, arahava arakomera cane.