24 Nuko abaherezi barayakerera, bayatanga nk’ishikanwa ry’igicumuro, baca bafata amaraso yayo bayamijagira ku gicaniro kugira Abisirayeli bose bakurweko ibicumuro. Ivyo babigize kuko umwami yari yavuze ko Abisirayeli bose batangirwa ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’igicumuro.