8 Abatware biwe na bo batanga intererano ku bw’abantu, abaherezi n’Abalewi, bayitanga nk’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye. Abakuru bari bahagarikiye inzu y’Imana y’ukuri ari bo Hilikiya+, Zakariya na Yehiyele, bahaye abaherezi intama n’impene 2.600 nk’ikimazi ca Pasika, babaha n’inka 300.