33 maze ku musi ugira kane dupima za feza na za nzahabu na vya bikoresho, tubipimira mu nzu y’Imana yacu+. Turaheza tubiha Meremoti+ umuhungu w’umuherezi Uriya. Yari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi hamwe n’Abalewi, ari bo Yozabadi+ mwene Yeshuwa na Nowadiya mwene Binuwi+.