8 Mugabo ubu Yehova Mana yacu utugiriye ubuntu mu kanya gatoyi. Wararetse bamwe muri twebwe barava mu bunyagano, uduha ahantu hatekanye mu kibanza cawe ceranda+. Mana yacu, wabigize kugira ngo utume amaso yacu akayangana kubera umunezero no kugira utugarurire agatege twari abashumba.