5 Twebwe na benewacu turi bamwe kandi abana bacu ni cokimwe n’ababo. Mugabo abahungu bacu n’abakobwa bacu tubwirizwa kubatanga ngo babe abashumba, kandi bamwe mu bakobwa bacu baramaze kuba abashumba+. Ariko twarabuze uko tugira kuko amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu vyegukira abandi.»