15 Yari yarategetse kandi ko bakwiye gutangaza+ bakamenyesha mu bisagara vyabo vyose n’i Yeruzalemu hose bati: «Nimuje mu karere k’imisozi muzane amashami ariko amababi muyakuye ku biti vy’imyelayo, ku mapinusi, ku mihadasi, ku bigazi no ku bindi biti kugira mwubake insago nk’uko vyanditswe.»